IBINYAMAKURU N’ABAMENYESHAMAKURU BARI MUYABIRA MUCA PEREZIDA PAWULO KAGAME

Igihugu gishaka gutwara Ishirahamwe Mpuzamakungu Ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa Francophonie , kikaba kandi arico kinatwara uyu mwaka Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afirika nticorohereza na gato Abamenyeshamakuru n’Ibimenyeshamakuru.

Caricature de Paul

Kuruyu wa kane igenekerezo 27 Nkakanga 2018, Inama Nshingamateka y’u Rwanda ibitegetswe na Perezida Pawulo Kagame yaratoye itegeko ribuza ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru gucapa canke gukoresha ibicapo canke amashusho atsyoza abategetsi murico gihugu.

Iryo tegeko rivuga yuko umunyamakuru azokoresha canke azokora isanamu itsyoza umutegetsi w’ico gihugu azocirwa ihadabu rirenga igihumbi c’amadolari n’umunyororo w’umwaka kuko ngo gucapa (caricature ) abategetsi ubatsyoza ngo nukubura indero n’ugushira isoni mbere nukutubaha igihugu.

Iryo tegeko ribandanya rivuga ko ivyo bihano vyorwizwa na kabiri mugihe hacapuwe umutegetsi w’igihugu akomeye cane (haut cadre de ‘etat).

Ivyo bibaye mu gihe abamensheshamakuru benshi bahunze ico gihugu abandi bakaburabuzwa , mbere bikaba bibaye inyuma yaho hari n’uwanyurujwe akaba ataratorwa kugushika nuyu musi. Biravugwa kandi ko nabahunze baguma batotezwa iyo baba barahungiye aho inzego z’iperereza za Pawulo Kagame ziguma zibakwirikirana.

Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe guharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch , Defend Defenders n’ayandi ariyamiriza izo ngingo zo kuburabuza abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru murico gihugu ariko akaba ataco ashobora gushikako kuko ng ‘uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma.  Pawulo Kagame ashigikiwe n’ibihugu vya rutura nka Reta Zunze Ubumwe bwa Amerika , Ubumwe Bwa Bulaya na Isirayeri. Aha umuntu aribaza nkizo ngingo iyo ziba zafashwe n’igihugu nk’u Burundi induru ziba ziriko ziravuzwa kw’isi. Mwomenya ko mu Burundi ibinyamakuru vy’igenga bikora ukuri kwamye kandi bigakora na za caricatures uko vyishakiye. Akarore ni nk’ikanyamakuru c’Ababiligi Iwacu “Journal Iwacu” gisohora buri kuwa gatanu w’indwi igicabo gityoza uyu canke uriya.

Ariko murico gihugu c’u Rwanda hoho  bikaba biranagoye no kwandika ku makuru ya politique. Benshi bahungira muvy’imiziki n’ubutunzi ariko nahone bisaba ko ngo bandika ibininahaza Perezida n’umugambwe wiwe FPR n’amashirahamwe y’ubudandandaji awukomokako nka “Crystal Ventures”.  Benshi bakavuga ko ivyandikwa murico gihugu ari nko mu bihe Moyen-Age aho bose bandika baninahaza umwami n’ibikorwa vyiwe.

Benshi rero bakibaza uko ico gihugu gisanzwe kininahazwa cane ko giteye imbere coba kigiye kubonwa mumakungu. Aha twobibutsa ko Perezida Waco ariwe atwara Ubumwe bw’Ibihugu vya Afirika Union africaine. Benshi bakaba bibaza nimbi ako ariko karorero uwo mutegetsi yoba ariko aratanga ku bindi bihugu vya Afirika mu bijanye no kubahiriza agateka ka zina muntu, ko kandi ariko azotanga kubihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa hamwe Luwizi Mushikiwabo yoramuka yizewe ngwatware umuryango w’ibihugu bikoresha urwo rurimi.

Inkuru ya Appoliniare Nishirimbere

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s