“Ibihugu vy’Umwanda”: Perezida Musevini wa Uganda arashima ukuntu Trump avugisha ukuri.

Inkura ya Appolinaire Nishirimbere

IMG_20180123_183522

Perezida wa Uganda Yoweri Musevini arashima ukuntu Perezida Donald J. Trump avugisha ukuri igihe avuga ivyerekeye Afrika.

Imbere y’Abashingamateka b’Ubumwe vy’Ibihugu vyo mu Buseruko bwa Afrika EAC aho bari Kampala ,Yoweri Museveni yamenyesheje ko ashima imvugo Trump akoresha iyo avuga ibihugu vya Afrika. Amenyesha ko Abanyafrika bakwiye kwikura akagaye bagakomeza ishinga ry’abo kuko ngo Afrika ntawobideha ntaco ishobora gushikako hamwe atagihindutse.

Kurubuga rwa Tweeter yiwe yanditse mu rurimi rw’Icongereza avuga ko ataworwanya ivyo Trump yavuze kuko ngo ntacosigura ukuntu Afrika yoguma ikenye isumba igihugu c’Ubuhindi incuro 12 ariko coco kikaba giteye imbere gusumvya Afrika yose.

IMG_20180123_183701

Twokwibutsa ko Perezida Trump wa America ngo yoba yari yavugiye mu nama muri “Maison Blanche” arikumwe n’Abakenguzamateka bamwe ko ibihugu vya Afrika ,Haiti na Salvador ari “ibihugu vy’umwanda” ko impunzi zibivamwo zitoshoka zemerwa muri Amerika. Imvugo abantu benshi kw’isi biyamirije ,mbere ibihugu vya Afrika bikaba vyamusavye gusaba imbabazi nuguhindura ayo majambo.

Trump wese akaba yarahakanye Ayo majambo ,wewe akavuga ko yakoresheje imvugo gusa iremereye igihe yavuga ivyo bihugu muri iyo nama ,ko ariko atakoresheje amajambo ngo “ibihugu vy’umwanda”.

 

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s