Ngo Perezida Trump amagara yiwe yifashe neza cane !

IMG_20180120_091727

Trump n’umurwi w’abaganga biwe

Ibinyamakuru vyinshi bimaze imisi vyifatira mu gahanga Perezida Trump wa Reta Zunz’Ubumwe bwa Amerika, aho bimenyesha ko amagara yiwe yo mu mutwe yoba atifashe neza kumvo zukuntu ashikiriza amajambo.

Ivyo vyatumye umuganga wiww Jackson ava mu gacerere aha ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru , aho yamenyesheje ko yapimye Perezida Trump agasanga akomeye nk’uwiremye.

IMG_20180120_091705

Umuganga Jackson akwirikirana amagara ya Perezida Trump aha ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru muri “Maison Blanche ” mu ndwi iheze

Ngo kiretse ibiro vyinshi afise 108 kg , Trump ngo amagara yiwe yifashe neza muri rusangi naho ariko arafata umuti wo kugabanya ibinure vya “cholesterol” , ivyo ngo birasanzwe kubantu b’imyaka nk’iya Prezida Trump. Twobibutsa ko afise imyaka 71 akaba apima 1,90 z’uburebure. Umuganga wiwe amuhanura kugira imyimenyerezo y’ikarashishi gusa.

Arongerako kandi avuga ko Perezida Trump akomeye neza mu mutwe ,ko mbere ashatse no gusubira gutwara ikindi kiringo yogitwara hamwe Abanyamerika basubiye kumwizera.

 

Inkuru ya Appolinaire Nishirimbere

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s