Sauna yoba ari nziza ku magara yacu ?

Turamenyereye muri iyi misi tubona amazu menshi akorerwamwo  ivyo twita sauna ngaha i Bujumbura , eka mbere no mu gihugu hagati. None Sauna ni iki, yoba ifise akamaro akahe , ni ibiki bibujijwe iyo ukora sauna ?

SAUNA 1

Sauna kurya tuyimenyere ikorwa biciye mugucana hanyuma bakugara icumba kugirango umuhisha ushobore kuba mwinshi abantu bakawota muri ico cumba  vyatanguye gukorerwa cane mu bihugu vya Bulaya. Sauna irakorwa cane mu Gihugu c’Ubufaransa n’ibindi bihugu vya Bulaya. Naho biruko ariko , sauna ni umugenzo wa kera cane mu bihugu nka vyose kw’isi, turazi no Burundi ko abantu hari ingwara barwara bakavuza ibisa na sauna mu micokama yacu nko kwiyuha n’ibindi. Vyumvikana ko ifise akamaro ku magara yabantu. None yokoreshwa neza gute kugira ishobore kugira akarusho ku magara ?

Ivyiza bitandukanye vya sauna 

Umuganga twashoboye kubaza yize ibijanye n’ivyivuduka ry’umurindi w’amaraso yatubwiye ko sauna ifise akamaro kanini cane. Naho benshi bakiyinjiramwo bashobora kumva umutima usimbaguritse cane , sauna ngo iratuma udutsi canke uturingoti dutwara amaraso twaguka bigatuma umutima utera neza. Sauna kandi ngo ntaco itwaye haba ku bantu bakuze no ku bana.

Twisunze ibikorwa vyinshi vy’ubushakashatsi vyakozwe n’abahinga, gukora sauna kenshi ngo ntaco vyonono ku magara y’abantu. Ahubwo , ngo iratanga akaruhuko , no kwiyumva neza mumubiri  kuko ngo irazibura urukoba bigatuma ruhema; iraha kandi inguvu abasoda b’umubiri wacu ,ikanagabanya ibibazo vyo mumutwe abantu baba bafise (stress) ikanakinga imigera (infections). Irafasha kandi amaraso gutembera neza mu mubiri.

Ubushakashatsi bwinshi bwakozwe  burerekana ko , iyo ikoreshejwe cane kandi kenshi, sauna ituma :

  • Umurindi w’amaraso w’umugwayi w’ivuduka ry’umurindi w’amaraso ugabanuka bimwe bishemeye, irafasha kandi kumenyereza umugwayi yagize kugira ico bita  infarctus du myocarde , ivyo bikaba bihushanye cane nivyo abantu benshi basanzwe bibaza  ;
  • Umuntu ahema neza. Sauna birumvikana rero ko yoshobora gufasha abantu basanzwe bagendana asima (asthme) canke bronshite(bronchite chronique) ;
  • Ama rhumatismes inflammatoires , ingwara z’amagufa nka arthrose, polyarthrite rhumatoïde,ububabare bwo mu ngingo,ingorane zo mu mitsi canke ama muscles na  fibromyalgie ;
  • Irafasha kurwanya ingwara zimwe zimwe z’urukoba nka psoriasis (mwomenya ko sauna idatuma urukoba rwuma).

Ni ryari bibujijwe gukora sauna ?

Birabujijwe gukora sauna igihe umunutu aheruka gugira AVC canke afise angor instable, infarctus du myocarde canke iyo umutsi wo ku mutima witwa aorte wapungutse cane.  Kenshi ntaco bitwaye kuja muri sauna kubafise ingwara za coron , iyo yavuwe neza kandi imaze igihe kirekire. Ni gake abantu bamaze gupfira muri sauna canke bakagirirayo ama AVC canke infarctus de myocarde  kiretse iyo bayikoresheje banyoye inzoga.

Ku bwivyo rero, kiretse mu gihe umuntu afise ingwara zikomeye cane nka canseri ( cancer , ibibazo vy’umutima nka infarctus du myocarde vya vuba cane,ama  infections ya bukwi na bukwi nka grippe canke bronchite),  abantu muri rusangi barashobora gukoresha sauna ataco binona bakanayungukiramwo muvyamagara meza.

Nukumenya neza ariko ko gufata imiti imwimwe imbere yuko winjira muri sauna bishobora kuba bibi , canecane nk’imiti ivura ingwara y’ivuduka ry’umurindi w’amarasoma bita hypertension.

Uko biri kose, igihe mwumva mutokora sauna , umuganga wanyu azobaha impanuro zikwiye. Ikindi kandi , ni mwumvirize cane umubiri wanyu igihe muri muri sauna : sohoka igihe wumva ikintu kidasanzwe mu mubiri.

Birabujijwe : kunwa inzoga imbere yo kuja muri sauna !

Kunwa inzoga imbere yo gukora sauna niwo mwansi wa mbere wa sauna kubera, inzoga ifasha igabanuka ry’umurindi w’amaraso (hypotension arterielle) , irahungabanya uko umutima utera bikazana ingaruka mbi, irashobora no gutuma umutima uhagarika gutera. Birabujijwe rero cane  kunwa inzoga igihe cose umuntu ashaka kwinjira muri sauna!

Mbega sauna yoba ituma umuntu yonda  ?

Igihushanye nivy’abantu benshi basanzwe bibaza , kuja muri sauna ntibituma umuntu ata ibiro canke yonda. Nivyo ko iyo umuntu ari muri sauna ashobora gutakaza amazi angana na 1,5 y’amaritiro biciye mu kubira icuya , ariko ayo mazi aca asubira kuyasubizayo kuko aranwa ayandi. Umuntu rero ari muri sauna ntatakaza ibinure ( graisse) ariko atakaza amazi aca asubizayo iyo anyoye ayandi.

Mu misi naho tuzobaganirira kuvyerekeye massage , nuwukwiye kuyikora nukuyikorerwa.

Appolinaire NISHIRIMBRE

Bloggeur

Whatsapp : +257 75 938 450

 

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s